Quantcast
Channel: .::Urubuga rwa mbere rwa Gikristo::. Amakuru asesenguye.
Viewing all articles
Browse latest Browse all 2000

Abenya Palestina bakomeje guhangana bikomeye n’abanya Israel.

$
0
0

Igipolisi ca Israyeli catangaje ko carashe umunyepalestina, kur’uyu wa gatandatu, inyuma y’aho asogoteye imbugita abantu batatu mu gisagara ca Yerusalemu.

Ivyo vyakurikiwe n’urwamo rw’amasasu, bivuye ko abapolisi baciye batana mu mitwe n’abanyepalestina baciye batangura gutera amabuye ku bapolisi. Ico gitero kibaye ica kabiri, inyuma y’icakozwe k’umunsi wa gatatu, n’umugore yacumise abapolisi, akoresheje umukasi.

Intureka hagati y’abanyepalestina n’abasirikare ba Israyeli zariyongereye mur’iyi myaka. Kuva mu kwezi kw’icenda, mu bihumbi bibiri na cumi na gatanu, abanyepalestina baramaze kwica abanyisrayeli mirongo ine n’umwe. Mur’ico kiringo nyene, abajejwe umutekano ba Israyeli bakaba bamaze kwica abanyepalestina bashika ku majana abiri na mirongo ine n’umwe.

Inkuru ya VOA


Viewing all articles
Browse latest Browse all 2000

Trending Articles